36.1 C
Africa
Dinsdag, Desember 16, 2025
HomeAmakuruBurundi: Polisi yafashe  umugabo yahora yigira umukobwa kugira ngo yibe abantu

Burundi: Polisi yafashe  umugabo yahora yigira umukobwa kugira ngo yibe abantu

Date:

Related stories

spot_imgspot_img

Ibiro vya polisi vyo mu ntara ya Kayanza mu majyaruguru y’Uburundi, yaraye imenyesheje kuri uyu w’Imana italiki ya 20 Rusama 2023, ko hari umugabo azwi kw’izina rya Ingabire Jean Claude yafashwe ku wa gatanu italiki 19 Rusama/Gicyurasi 2023 yagirizwa kwiba terefone mu gisagara ca Kayanza akoresheje uruyeri.

Get a Professional Website at Promo Price

Chat on WhatsApp

Amakuru abandanya atangwa na polisi amenyesha ko uwo mugabo yabanje yiyita akazina ka “Kigeme” kandi akiyambika nk’abakobwa, yewe ngo n’intambuko yari asigaye agenda nk’abakobwa ku buryo vyari bigoye kuvumbura ko atari umukobwa koko.

 Ikindi ngo abagabo n’abasore bamutelefona yabitaba akoresheje akajwi k’abakobwa kuburyo bamuganiriza bazi ko bariko baraganira n’umukobwa.

Polisi ibandanya imenyesha ko mu nyuma abo bagabo n’abasore vyarangira abambuye ivyabo.

Polisi ikaba ibandanya ivuga kandi ko uwo yiyita Kigeme atari ubwa mbere afashwe yakoze ubusuma akoresheje urwo ruyéri.

Ingabire Jean Claude ariyemerera ko ubwo busuma asanzwe abukora yifashishije uruyeri rwo kwigira umukobwa nk’uko amakuru abandanya atangwa na polisi abivuga.

Uwo ni umusore yitwa Jean Claude Ingabire asanzwe avuka muri komine Busiga mu ntara ya Ngozi ariko kwiba abagabo n’abasore yabikorera mu gisagara ca Kayanza

Gushika ubu akaba agifungiwe mu gasho ko muri komisariya mu gisagara ca Kayanza mu kurindira ko baheza kumukorera dosiye ica ijanwa mu butungane (butabera).

Jean Claude Ingabire yahora yiyita akazina ka “Kigeme” kugira ngo yambure abantu

Latest stories

spot_img

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here