40.5 C
Africa
Woensdag, Februarie 4, 2026
HomeAmakuruBurundi: Umugwi w'umupira w'abigeme "Buja Queens "waraye usinyishije umukinyi wayo mushasha yamuka...

Burundi: Umugwi w’umupira w’abigeme “Buja Queens “waraye usinyishije umukinyi wayo mushasha yamuka mu gihugu ca Uganda.

Date:

Related stories

spot_imgspot_img

Amakuru dufise yemezako, inyuma yaho batahukaniye igikombe ciririwe LUMITEL WOMEN’S LEAGUE ,baciye bafata iyambere kugira bubake umugwi kukwego mpuza mahanga kugira baze bashobore guserukira neza uburundi mu nkino bimirije.

Mwomenyako, umugwi “Buja Queens uzoserukira uburundi mu nkino za CAFCHAMPIONS LEAGUE Z’ABAKENYEZI.
Nayo umukinyi “NAMBATYA Danielita yahora akinira umugwi APAERA-W-FC wo mugihugu ca Uganda ashitse ibujumbura yagize ati”ndaryohewe cane kuba umugwi wa Buja Queens washoboye kungura ngo ndawukinire mumahiganwa wimirije ,nanje niyemeje kuzitanga ntiziganya kugira umugwi wanje ugere kure mwihiganwa rya CAFCHAMPIONS LEAGUE Z’ABAKENYEZI.

Ico nemereye abafana ba Buja Queens nuko nje kubaha umunezero mukwitanga mukibuga, mu myimenyerezo ,nubwo intango igora nzogerageza menyerane nabakinyi vuba bwango.”Rero imitwe ikora ikoranye nzofashanya nabandi bakinyi dukinanana mugufasha umugwi wacu gugera kuntsinzi kuri buri rukino rwose nzokina, niyemenje kuzitanga ntiziganya.

NAMBATYA Danielita asinya amasezerano yiwe mumurwi wa Buja Queens.

Latest stories

spot_img

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here