30 C
Africa
Dinsdag, Desember 16, 2025
HomeAmakuruAdriyano Sibomana asaba Leta ko yokwemerera urwego rw’abashinganatahe kwongera gukora

Adriyano Sibomana asaba Leta ko yokwemerera urwego rw’abashinganatahe kwongera gukora

Date:

Related stories

spot_imgspot_img

Nk’uko biri mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’ubutegetsi bw’imbere mu gihugu ku wa 8 Gicyurasi 2023 ariko rija ahabona ku wa 21 uku kwezi, Adriyano Sibomana asanzwe arongoye inama nkuru y’abashingantahe mu Burundi asaba ko urwo rwego rw’abashingantahe rwokwemererwa kubandaya ibikorwa vyarwo.

Get a Professional Website at Promo Price

Start My Website

Ni inyuma y’aho urwo rwego rwahora rujejwe gutatura amakimbirane hagati y’abanyagihugu ku rwego rw’ibanze ruhagaritswe n’umushikiranganji Martin Niteretse ajejwe ubutegetsi bw’imbere mu gihugu, kugira ngo ntirubangamire ishirwaho ry’abahuza bo ku mitumba bazoba bajejwe gukinga no gutatura amatati.

Inyuma y’amezi 8 urwo rwego rugiyeho, Adriyano Sibomana agira ati : “Nashaka rero kubasaba nshimitse ko mwobona ko hageze ko muturekurira kubandanya ibikorwa vyacu kuko mumaze kubona ko Abashingantahe atar’ico bafasha , ataco bonona mu gihugu cacu.”

Mwomenya ko kuva ku wa 16 nyakanga 2022, urwo rwego rw’abashingantahe rwari rwarahagaritse  ibikorwa vyarwo  bijanye no guhurira mu manama , kwatira Abashingantahe bashasha, gutoza intererano n’ibindi.

Gushika ubu ubutegetsi bukaba bwemeza ko urwego rw’abahuza ruriko rurabasha mu kugabanya ibitigiri vy’imanza  ziri mu ma sentare y’intango. Ariko igikorwa cabo kikaba ari co gutatura amakimburane imbere y’uko ashikira ama sentare y’intango (Urukiko).

Umutumba n’amakaritiye mu yirenga 2900 ukaba ufise abahuza 15 barimwo abagabo n’abagore.

Abashingantahe b’i Burundi

 

Latest stories

spot_img

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here